Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Omar El Beshir asaba Vladmir Poutine kumufasha
Omar El Beshir asaba Vladmir Poutine kumufasha
vendredi 24 Munyonyo 2017, par
Umukuru w’igihugu wa Sudani Omar El Beshir yaciye asaba Uburusiya kumufasha kurwanya ico yita "ukwiganza kwa Reta zunze ubumwe za Amerika."
Urwo rugendo rwa mbere rwa Omar El Bechir mu gihugu c’Uburusiya rubaye inyuma y’iminsi mike Donald Trump akuyeho ibihano ku gihugu ca Sudani, ikitabujije Omar El Beshir kwagiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika kwivanga no gushaka kwifatira igihugu ca Sudani, akavuga ko ico gihugu arico gituma hama ingorane muri Sudani, agasaba Uburusiya kubafasha kwikingira. Omar El Beshir yipfuza gukomeza imigenderanire mu guhanahana ibirwanisho n’igitoro.
Mu biganiro abo bakuru b’ibihugu bagiranye, ntibigeze bayaga ku kibazo c’imitahe mpuzamakungu yasohorewe Omar El Beshir. Umuvugizi wa Reta y’Uburusiya kuri ico kibazo yashimye kutavuga aho Reta y’Uburusiya ihagaze.
Dmitri Peskov avugira ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi agira ati : « Omar El Beshir n’umukuru w’igihugu yemewe n’amategeko agenga igihugu ca Sudani, Uburusiya bumwakiriye kuri ico c’ubahiro ».
Pacifique BUKURU
Messages
24 Munyonyo 2017, 11:04, par Wakera
Dmitri Peskov avugira ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi agira ati : « Omar El Beshir n’umukuru w’igihugu yemewe n’amategeko agenga igihugu ca Sudani, Uburusiya bumwakiriye kuri ico c’ubahiro : IBIMWANDITSE NIVYO CANKE MWIHENZE!