Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda: Umuvugizi w’igipolisi yitavye Imana arashwe n’abantu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ouganda: Umuvugizi w’igipolisi yitavye Imana arashwe n’abantu (...)

Ouganda: Umuvugizi w’igipolisi yitavye Imana arashwe n’abantu bataramenyekana

vendredi 17 Ntwarante 2017

Umuvugizi w’igipolisi mu gihugu c’Ubuganda AAIGP Andrew Felix KAWESI yagandaguwe arashwe mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante ,umwaka wa 2017.

Amakuru ava mu gihugu c’Ubuganda amenyesha ko AAIGP Andrew Felix KAWESI yarashwe mu gatondo ari mu modoka yiwe n’abantu bataramenyekana.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Newvision amenyesha ko Andrew Felix Kawesi yarasiwe ku metero nkeya n’abantu bari kw’ipikipiki avuye muhira aho yaba i Kulambiro, ku murwa mukuru w’igihugu Kampala ari kumwe n’abamucungerera ubuzima.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abamurashe baciye bahunga kandi icatumye araswa n’ubu kitaramenyekana.

Inyuma y’umwaya muto ubwo bwicanyi bubaye, umukuru w’igipolisi mu Buganda IGP Gen. Kale Kayihura yahashitse ari kumwe n’abapolisi kugira batanguze amatohoza yo kurondera uwoba yinyegeje inyuma y’ubwo bwicanyi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.