Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PAM : Abana bashika ibihumbi 600 bashobora guhitanwa n’inzara. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > PAM : Abana bashika ibihumbi 600 bashobora guhitanwa n’inzara.

PAM : Abana bashika ibihumbi 600 bashobora guhitanwa n’inzara.

mardi 27 Ruheshi 2017

Ishirahamwe PAM rimenyesha ko abantu bashika ku miriyoni 20 aribo bagiye kugeramirwa n’inzara, muri bo abagera ku miriyoni 5,7 akaba ari abana, muri abo abashika ku muriyoni n’igice bakaba bugarijwe n’ikibazo co gufungura nabi.

Inyuma yaho ahejeje kubonana n’uwutwara ishirahamwe rya Buraya Federica Mogherini, Umukuru wa PAM David Beasley yateye akamo Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya na cane cane igihugu c’Ubudagi ,Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa kugira bitange imfashanyo yofasha muri ico gikorwa.

David Beasley arongoye PAM yavuze ko hamwe mu mezi 2 canke 3 ari mbere ishiramwe PAM ritoronka imfashanyo vyotuma abana bashika ibihumbi 600 bashobora kuhasiga ubuzima.

Mwomenya ko ishirahamwe PAM riherutse kugabanya ica kabiri c’imfungurwa zaronswa impunzi ziva mu gihugu ca Sudani y’Epfo ziba mu gihugu c’Ubuganda mu ntumbero yo kwitaho abasinzikaye bo mu bihugu vya Yemen , Sudani y’epfo ,Somariya hamwe na Nijeriya .


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.