Home > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM isaba ko haba umugenzo wo kwerekana amatungo abategetsi (...)
PARCEM isaba ko haba umugenzo wo kwerekana amatungo abategetsi bafise
Wednesday 25 July 2018, by
Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2018, Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko kwerekana amatungo y’abategetsi binjiye canke bavuye mu mabanga bajejwe bidakorwa kandi bitegekanijwe n’amategeko nko mw’ibwirizwa nshingiro ,bituma igikorwa co kugwanya igiturire kinigigwa mu menshi.
Faustin NDIKUMANA avuga ko mubari bakwiye kumenyesha amatungo yabo ari nk’umukuru w’igihugu,ivyegera vyiwe,abashikiranganji,abayobozi bakuru,ababuramatari hamwe na ba musitanteri.
Uyo mukuru wa PARCEM atera akamo abajejwe intwaro gukora ibishoboka kugira abategetsi batandukanye baze baramenyesha amatungo yabo binjiye canke bavuye mu mabanga bajejwe kugira bifashe mu kugwanya igiturire.
IGIHE
Forum posts
25 July 2018, 18:08, by Manirakiza.
Ni Murindire amaso azohera munzira!
26 July 2018, 14:28, by leys
faustin wa babwire none umbwira intumva kweri ivyo vyose nivyo vyokubaka igihugu cacu CUBURUNDI kuko abategetsi benshi Baza kujako bakenye vyari vyiza ko abojako bose boza barinda kwererekana umutungo wabo vyoba vyiza kuburundi no kubarundi. okay murakoze
27 July 2018, 08:06, by kankindi
muriko mutumwanya namwe uwohabashira siko mwobikora
31 July 2018, 21:41, by vyizigiro
naho bafise ivyo bishimako ariko ntamutunzi kwisi ariho ariko umutunzi n,iyesu wenyene kubera yemeye kubambwa k,umusaraba kubera ivyaha vyacu
5 August 2018, 17:52, by hakizimanaj.cloude
amakurumukinyarwanda