IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > PARCEM isaba ko amategeko ajanye n’ivyo umuntu arekuriwe yigishwa

PARCEM isaba ko amategeko ajanye n’ivyo umuntu arekuriwe yigishwa

Thursday 26 April 2018, by Jean De Dieu

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2018, umukuru w’ishirahamwe PARCEM ,Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko mu cegeranyo bakoze c’amezi 3 aheze basanze igisata kijanye n’intwaro rusangi agateka ka zina muntu, ivya poritike hamwe n’ivy’umutekano bitera bigabanuka kuko hacibonekeza abicana ku mvo z’amatongo, imvura ziguye zihitana abantu, amasanganya mu mabarabara, hamwe n’abana bapfa bivuye ku ntsinga z’umuyagankuba.

Muri Parcem bavuga ko ivyo vyose bishika kubera ugusamara. Faustin NDIKUMANA yavuze ko intwaro rusangi ari ikintu gihambaye mu gihugu kugira ibintu vyose bitere imbere kuko aho intwaro rusangi itsimbataye ingorane zijanye na poritike umutekano n’agateka ka zina muntu bigabanuka cane.

Uwo arongoye PARCEM yavuze ko intwaro rusangi itsimbataye, igihugu kigira ku mategeko muri ico gihe, ko ata muntu aja hejuru yayo yaba umunyagihugu canke umutegetsi wo hejuru kuko aca akingira agateka k’abanyagihugu.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko zimwe mu mvo zituma ico gisata kidatera imbere ari uko hari abajejwe intwaro usanga batazi amategeko, ukudahana biguma vy’ibonekeza, ukutihanganiranira muvya poritike hamwe n’itandukaniro ritariho hagati y’igiporisi gisanzwe n’urwego rujejwe igendereza ku bintu bijanye no guhagarika umuntu hamwe n’inzego zijejwe umutekano zategerezwa kwigenga ariko ugasanga rimwe na rimwe ziriko zikorana n’urwaruka rw’imigambwe.

Faustin NDIKUMANA atera akamo ko bikwiye ko amategeko akingira abanyagihugu aza arigishwa, abejejwe intwaro nabo bakamenya ko hari ivyo barekuriwe n’ivyo batarekuriwe.


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.