Home > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM ivuga ko igisata c’abikorera utwabo mu gihugu kigoyagoya
PARCEM ivuga ko igisata c’abikorera utwabo mu gihugu kigoyagoya
Tuesday 17 July 2018, by
Mu kiganiro kubamenyeshamakuru ariko ashikiriza umwihwezo bakoze kubijanye n’igisata c’abikorera utwabo,umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko abikorera utwabo aribo babeshaho abantu mu kubaha ubuzi,nibo bazana ibidandazwa mu gihugu kandi aribo batuma amafaranga atembera mu gihugu.
Faustin NDIKUMANA yavuze ko ivyibonekeza aruko igisata cabikorera utwabo aho gufashwa usanga kenshi kijuragizwa kikaremerwa n’abantu bogifashije kugiteza imbere.
Faustin NDIKUMANA yavuze ati: “Aho gufasha igisata c’abikorera utwabo kugira gitere imbere ahubwo nukukiremera rimwe na rimwe utumviye ivyo bishakira bakaguma bakujuragiza. ”
Uyo mukuru wa PARCEM yavuze ko mu gihe mu gihugu ata poritike yo gushinga amahinguriro iriho nkuko biri mu bindi bihugu iyo poritike yategerezwa kubaho kuko amahinguriro aza muvya mbere bifasha mu kuduza umwimbu w’igihugu buri mwaka.
Vianney BIKORIMANA
Forum posts
26 July 2018, 22:49, by Bobar
ivyo avugantarira busema kuko uravye nkumurimyi agaburira igihugu cose ariko wewentiyigera aterimbere