Accueil > Amakuru > Mu makungu > Paris : Umuporisi yishwe arashwe
Paris : Umuporisi yishwe arashwe
vendredi 21 Ndamukiza 2017, par
Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane nk’igihe c’isaha zitatu, mu gisagara ca Paris mu gihugu c’Ubufaransa. Umuporisi umwe niwe yishwe, abandi babiri barakomereka bikomeye.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko uwakoze ico gitero nawe yishwe n’amasasu yarashwe n’abaporisi.
Ubuyobozi bwa "Etat Islamique" bwemeye ko aribo bakoze ico gitero. Uwarashe yaje mu modoka, ashitse ahahagaze imodoka y’abaporisi aca abarasa amasasu menshi. Umwe muri abo baporisi niwe yahitanwe n’ayo masasu, abandi barakomereka.
Pierre-Henry Brandet, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko biboneka ko uwo mugizi wa nabi yaje arondera abo baporisi, ariko hakaba n’uwundi muntu umwe yariko ararengana yakomerekejwe n’ayo masasu.
IGIHE
Messages
21 Ndamukiza 2017, 11:46, par bizimanaphirbert
nibihutire mubiganiro vuba na vuba.uburundi canke butwareyo ingabo zogucungera abanyagihugu.bitarenze15 days.umuhuza ni kagame.
21 Ndamukiza 2017, 14:35, par Kime
@Bizimana Philbert wa nterahamwe we uzana gute nyakubahwa President w’u Rwanda?tutakupiga na tukucome apana cezeya Rwanda