Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Paul KAGAME yagenye abagize Reta nshasha y’Urwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Paul KAGAME yagenye abagize Reta nshasha y’Urwanda

Paul KAGAME yagenye abagize Reta nshasha y’Urwanda

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo Reta nshasha yatangajwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017 igizwe n’abashikiranganji 20 hamwe n’abanyamabanga 11 ba Reta y’Urwanda. Reta yahahora yari igizwe ariko n’abashikiranganji 19 hamwe n’abanyamabanga 10.

Abo bashikiranganji bagenwe barahira kuri uwu wa kane, mu nama nshingamateka y’Urwanda. Batandatu mu bagenwe ni bashasha muri Reta y’Urwanda.

Abagize Reta nshasha y’Urwanda ni :

1. UWIZEYE Judith, Umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu
2. GATETE Claver, umushikiranganji w’ikigega ca Reta
3. MUNYESHYAKA Vincent, umushikiranganji w’ubudandaji
4. Dr. BIRUTA Vincent, umushikiranganji w’ibidukikije
5. TUMUSHIME Francine, umushikiranganji w’ubutare n’agataka
6. MUKESHIMANA Geraldine, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi
7. MUSHIKIWABO Louise, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu.
8. KABONEKA Francis, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
9. MUSONI James, umushikiranganji w’ibikorwa remezo
10. KABAREBE James, umushikiranganji w’ukwivuna abansi
11. KAYISIRE Marie Solange, umushikiranganji ajejwe imirimo y’Inama y’abashikiranganji
12. Docteur MUSAFIRI Papias Malimba, umushikiranganji w’indero
13. MBABAZI Rosemary, umushikiranganji ajejwe urwaruka
14. NSENGIMANA Jean Philbert, umushikiranganji ajejwe ubuhinga n’ugutumatumanako amakuru
15. Debonheur Jeanne d’Arc, umushikiranganji ajejwe impunzi
16. UWACU Julienne, umushikiranganji ajejwe inkino n’imico kama
17. BUSINGYE Johnston, umushikiranganji w’ubutungane
18. RWANYINDO KAYIRANGWA Fanfan, umushikiranganji w’abakozi ba Reta
19. Docteur GASHUMBA Diane, umushikiranganji w’amagara y’abantu
20. NYIRASAFARI Esperance, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’imiryango


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.