Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pedal4Peace : Abarundi babiri babaye aba mbere ku munsi wa kabiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Pedal4Peace : Abarundi babiri babaye aba mbere ku munsi wa kabiri

Pedal4Peace : Abarundi babiri babaye aba mbere ku munsi wa kabiri

mercredi 13 décembre 2017

Kur’uwo musi wa kabiri w’ihiganwa, Pascal Niyonkuru batazira Mwarabu afise imyaka 25 niwe yashitse ubwa mbere . Yahagiye 1h08’27’’, akaba yari amaze kuja mu mahiganwa atandukanye yo kunyonga ikinga aha mu Burundi.

CIZA Obed, uwundi murundi, yashitse ubwa 2 akaba yahagenze 1h08’41’’. CIZA Obede yavuze ko icipfuzo ciwe ari kuronka ikibanza ca mbere ku munsi ukurikira w’ihiganwa.

CIZA Obed yavuze ati :“Ico nipfuza ni kuba uwa mbere ejo aho bukera”.

Mu bakobwa bahiganwa, Nimfasha Adelphine, umurundikazi w’imyaka 15 akaba ariwe yashoboye gushika ubwa mbere. Arashima cane iryo higanwa akanatumira abandi bigeme nkawe kwitaho kunyonga ikinga.

Iryo higanwa rikaba ribandanya. Rikaba rigeze ku musi ugira gatatu. Abahiganwa bakaba batanguye kuja gufata ifoto ku nkengara z’ikiyaga Tanganyika.

Bitegekanijwe ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Kigarama 2017, ihiganwa ribandanya, aho abahiganwa bava i Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba bagana i Bukirasazi, mu ntara ya Gitega.

Ihiganwa ku munsi wa gatatu ryuguruwe na buramatari w’intara ya Makamba, Gady NIYUKURI.

Tubibutse ko ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet-Leo ariryo ryafashe mu mugongo iryo higanwa.


Huguette NKURUNZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.