Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pedal4Peace : Ku munsi wa kane, umuganda Charles KAGIMU yasubiye kuba uwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Pedal4Peace : Ku munsi wa kane, umuganda Charles KAGIMU yasubiye kuba uwa (...)

Pedal4Peace : Ku munsi wa kane, umuganda Charles KAGIMU yasubiye kuba uwa mbere

vendredi 15 décembre 2017

Igice ca kane c’ihiganwa ryo gusiganwa n’amakingi Pedal4Peace catanguriye muri komine Bukirasazi, intara ya Gitega, kigana intara ya Cankuzo, ku burebure bw’ibirometero 101, kikaba cuguruwe na buramatari w’intara ya Gitega.

Kur’uwo munsi wa kane, ikinga ry’umwe mu banonotsi ryaragize ikibazo, ariko umwigeme ava mu gihugu ca Kenya, ariko atakiri mw’ihiganwa kuko atashoboye guheza ihiganwa ryo ku munsi wa gatatu aca aba aramutiza iryiwe.

Ku munsi wa kane nyene, ikibanza ca kabiri catahukanywe n’umunyakenya Simon KETITO yagenze ico kirere mu mwanya w’isaha zibiri, iminota 50, n’amasegonda 51.

Mu bibanza ihiganwa Pedal4Peace ryabereyemwo, abanyagihugu bari baje ari benshi kuraba iryo higanwa ry’imbonekarimwe, bakaba bashimira ishirahamwe ryo gutumatumanako EconetLeo kuba ryarashigikiye ku buryo budasanzwe ico gikorwa kuko abahora bavyumva kuma radiyo canke babiraba ku mboneshakure bashoboye kubiraba mu maso mu yandi.

Kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Kigarama 2017,ihiganwa rigeze ku munsi waryo wa gatanu ari nawo wa nyuma. Ibirori vyo gusozera iryo higanwa bikaba vyuguruwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Gston Sindimwo, mu ntara ya Gitega.


Huguette NKURUNZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.