Accueil > Inkino > Amahiganwa > Pedal4Peace:Umuganda Charles KAGIMU yatsinze ihiganwa
Pedal4Peace:Umuganda Charles KAGIMU yatsinze ihiganwa
samedi 16 décembre 2017
Mw’ijambo ryiwe,umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo Nepias Njaravaza , yavuze ko iryo higanwa ryatunganijwe mu ntumbero yo kwerekana ko amahoro numutekano birangwa mu Burundi.
Nepias Njaravaza ati : “ Hariho ibintu bihindura umuntu, bikamuhindura neza. Iri higanwa ni kimwe mu bintu bishobora guhindura ubuzima bw’abantu.”
Arongera akavuga ko iryo higanwa ryatunganijwe mu ntumbero yo kwerekana ko Uburundi ari igihugu ciza c’ingezi, kandi ko abanyamahanga bashobora kuzanamwo imitahe bakahakorera imigambi.
Ivyo birori vyo gusozera iryo higanwa bikaba vyuguruwe n’icegera c’umukuru w’Igihugu Gaston Sindimwo mu ntara ya Gitega, akaba yambitse umudari umuyobozi mukuru wa Econet Leo hamwe na bamwe mu bahiganywe ndetse bararonswa nutundi tuganuke nk’amakinga.
Mwomenya ko umwigeme Adelphine NIFASHA ariwe yabaye umwigeme wa mbere ashoboye guheza iryo higanwa ryari rimaze iminsi itanu.
Huguette NKURUNZIZA