Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pedal4peace : Ihiganwa ryo gusiganwa n’amakinga rigiye kubera mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > Amahiganwa > Pedal4peace : Ihiganwa ryo gusiganwa n’amakinga rigiye kubera mu (...)

Pedal4peace : Ihiganwa ryo gusiganwa n’amakinga rigiye kubera mu Burundi

Thursday 26 October 2017

Kisembo Ronex Tendo arongoye Afrika Mashariki Fest amenyesha ko iryo higanwa rizoba mu kiringo c’iminsi itandatu kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 16 Kigarama 2017,abahiganwa bazogenda ibirometero 600 baciye mu ntara 10 z’Uburundi.

Umukuru w’ishirahamwe avuga ko iryo higanwa ari akaryo ko kwereka akarere ka Afrika y’Ubuseruko, n’amakungu ko igisagara ca Bujumbura kiri mu mahoro kandi n’izindi ntara z’igihugu nazo ziri mu mahoro.

Yavuze ati: «Iki gikorwa twagitunganije kugira tumenyeshe abanyagihugu ibibera hanze y’igisagara ca Bujumbura,tuvuge kandi amahoro,iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, tuvuge kandi ubumwe. Tuvuge kandi ko mu Burundi amahoro atari agaseseshwa rumuri.»

JPEG - 113.6 kb
Kisembo Ronex Tendo arongoye Afrika Mashariki Fest

Kisembo Ronex Tendo avuga ko mw’ishirahamwe arongoye ata bijanye na poritike bivugwamwo kandi ataho bahengamiye, ari naco gituma bashira imbere inkino kuko ari ngirakamaro mu gutsimbataza amahoro.

Ati:«Inkino zirafasha mu guhuza. Natwe urwaruka dutegerezwa kubikurikiza kuko nta handi hazova amahoro atari mu rwaruka.Afrika ni iyacu, Uburundi ni ubwacu. Urwaruka nitwe dutegerezwa gufasha kugira ibihugu vyacu bigire amahoro

Yaba uwaserukiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yaba uwaserukiye ubushikiranganji bw’umutekano ,uwaserukiye ishirahamwe ry’abahiganwa ku makinga mu Burundi canke ishirahamwe Econet Leo,bose barashimira ishirahamwe Afrika Mashariki Fest kuba ryatungaije iryo higanwa kuko ari akaryo ko kwerekana ishusho nziza y’Uburundi.

Bose bemeye gushigikira iryo higanwa kuva mw’itegurwa ryaryo gushika rirangire kuko rije gutsimbataza amahoro, ayo nayo akaba ariwo mushinge w’iterambere ry’ibihugu.

Mwomenya ko iryo higanwa rizoba mu mice ine: uwa mbere uzoba urimwo abahiganwa babigize umwuga bazozunguruka mu ntara 10, umuce wa kabiri uzoba ugizwe n’abana bazosiganwa ku birometero bitanu mu gisagara ca Bujumbura,umuce wa gatatu uzoba ugizwe n’abakenyezi bazosiganwa ibirometero 10 mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’umuce wa nyuma uzoba ugizwe n’abakuru batandukanye bazogenda ku birometero 10 mu gisagara ca Bujumbura.

Babifashijwemwo n’ishirahamwe Econet Leo,cumi ba mbere bazozunguruka Uburundi bazohabwa agashimwe,uwuzoba uwa mbere akazohabwa agashimwe k’imiriyoni zitanu yongere ashigikirwe mu migambi y’iterambere.

JPEG - 103 kb
Nepias NJARAVAZA yaserukiye ishirahamwe Econet-Leo

Bitegekanijwe ko iryo higanwa rizozamwo abavuye mu gihugu c’Uburundi,Tanzaniya,Ubuganda,Urwanda, Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo hamwe n’abo mu gihugu ca Kenya mu gihe hazoba hamaze kumenyekana uko ivya poritike vyifashe muri ico gihugu.

JPEG - 120.9 kb
Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano
JPEG - 6.3 Mb
Umukuru w’ishirahamwe ry’abasiganwa ku makinga mu Burundi

MUGISHA Van Naris

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.