Accueil > Amakuru > Mu makungu > Peru : Abaporisi babiri bishwe
Peru : Abaporisi babiri bishwe
jeudi 1er Ruheshi 2017, par
BBC ivuga ko abo bapolisi bishwe mu gihe bari bavuye ku kirindiro cabo mu gisagara ca Apurimac Ene.
Umukuru w’igihugu ca Peru, Pedro Pablo Kuczynski, yamenyesheje ko ico gitero cakozwe inyuma y’aho ibiro bigera ku 700 vy’ibiyayuramutwe bifashwe n’abajejwe umutekano.
Tubibutse ko mu gihugu ca Peru, igisagara ca Apurimac Ene arico kidandazwamwo cane ibiyayuramutwe, urwo rudandazwa rukaba rukorwa cane n’umugwi w’abagwanyi ba Shining Path.
Vianney BIKORIMANA