Accueil > Amakuru > Poritike > Petero NKURUNZIZA yagizwe "Imboneza yamaho" mu mugambwe CNDD (...)
Petero NKURUNZIZA yagizwe "Imboneza yamaho" mu mugambwe CNDD FDD
lundi 12 Ntwarante 2018, par
Muri iyo nama, Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe mfura y’uwo mugambwe.
"Mu mugambwe CNDD FDD nta n’umwe ashobora kumwigereranya. Niwe mfura yacu, niwe muvyeyi, niwe aduhanura. Nico gituma nsaba Abagumyabanga bose ko iyo ngingo boyubahriza, kuko urugo rutagira umugabo ntakitarukengera. Twebwe turafise imfura."
Abo bagize Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD bemeje kandi izindi ngingo bavuga ko zikomeye, kandi zibereye zizotuma bashika kw’ihangiro ryo guteza imbere Uburundi.
Izo nazo zijanye no gukomeza inama nshingiro, gukurikirana ibikorwa n’inyifato vy’abagumyabanga n’indongozi, gushira mu ngiro imigabo n’imigambi vy’Umugambwe CNDD-FDD, gushigikira Intwaro ibereye no kwegereza ubutegetsi abenegihugu, gushira mu ngiro akarangamutima k’umugambwe mu guteza imbere igihugu hisunzwe ingingo ngenderwako Iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamugarukako, gutsimbataza no kunagura imigambi iteza imbere abenegihugu mu bisata binyuranye vy’iterambere ry’Igihugu.
Egide NDUWIMANA
Messages
12 Ntwarante 2018, 10:24, par Jojo
Niyirambir sebarundi dukeney Uburundi buzira ubwicanyi knd turiko turabishikako ntawundi tubikesha SE Nkurunziza
12 Ntwarante 2018, 18:09, par niyungeko sosit
KOMR MUTA KUMUHETO
13 Ntwarante 2018, 20:43, par R.C
Mutama komera tukuri inyuma