Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu rugendo mu gihugu ca Tanzaniya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu rugendo mu gihugu ca Tanzaniya

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu rugendo mu gihugu ca Tanzaniya

jeudi 20 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko uwutwara Uburundi yitavye ubutumire bw’uwutwara Tanzaniya. Uwo avugira Petero NKURUNZIZA ashikiriza ko abo bakuru b’ibihugu baganira ku bijanye na poritike, ubutunzi, imigenderanire y’ibihugu barongoye, hamwe n’ibijanye n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Muri urwo rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi yafashe kuri uwu wa kane, yaherekejwe n’abashikiranganji batanu ba Reta y’Uburundi aribo Alain Guillaume BUNYONI ajejwe umutekano, Alain Aimé NYAMITWE w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Isabelle NDAHAYO ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, Domitien NDIHOKUBWAYO w’ikigega ca Reta, hamwe na Emmanuel NTAHOMVUKIYE ajejwe kwivuna abansi.

Imyaka ibiri n’amezi abiri arengako iminsi mike niyo yari iheze umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA adasohotse Uburundi. Ubwa mbere yaheruka gufata urugendo yari mu kwezi kwa Rusama 2015 yerekeje mu gihugu ca Tanzaniya nyene. Inyuma y’umunsi umwe gusa atari mu Burundi, mu gihe imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwiwe yari imaze ukwezi kuburamwo iminsi mike, Général Godefroid NIYOMBARE yaciye ashikiriza ko asenyuye ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ukwo gutembagaza ubutegetsi kwahavuye kuburizwamwo, Général NIYOMBARE ahunga Uburundi, abo bari bafadikanije umugambi nabo barafatwa, bashikirizwa ubutungane.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.