Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Nkurunziza: ’’Inyungu z’igihugu zama zihagarariwe n’ivyegera canke (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Petero Nkurunziza: ’’Inyungu z’igihugu zama zihagarariwe n’ivyegera canke (...)

Petero Nkurunziza: ’’Inyungu z’igihugu zama zihagarariwe n’ivyegera canke abandi’’

vendredi 30 Kigarama 2016

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko umukuru w’igihugu yatowe kugira akorere hagati mu gihugu atari hanze y’igihugu,kandi koinyungu z’ igihugu zama gihagarariwe igihe cose n’ivyegera canke abandi.

Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru no ku banyagihugu ari mu ntara ya Rutana, umukuru w’igihugu yishuye ku bibazo bijanye n’ingendo z’umukuru w’igihugu yitaba inama canke amahuriro mpuzamakungu.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yishuye abamenyeshamakuru ko umukuru w’igihugu afata urugendo rwo kuja hanze y’igihugu mu gihe bikenewe,iyo bidakenewe naho aguma akorera hagati mu gihugu.

Ku bijanye no kumenya nimba indege irerura umukuru w’igihugu itazomufasha kwiyunguruza hagati mu gihugu,umukuru w’igihugu yishuye ko gushika ubu iyo ndege atahandi ifise yogwa atari i Bujumbura kuko hari amategeko ibigenga.

Umukuru w’igihugu yavuze ariko ko hari umugambi wo kwubaka ikibuga c’indege i Bugendana mu ntara ya Gitega,aho hari amashirahamwe y’abashinwa azoza gukora ivyigwa vyahategekanywa kwubaka ico kibuga c’indege.


IGIHE

Messages

  • Hhaahh none gayemwe munyumvire ngo ivyegera biserukira igihugu?kweli amaraso arasama

  • babwire mutama uwukwanka akwandureko izombwa,bamenyereye biruka hanze ukamengo hanze niho hari uburamuko,uratandukanye nabandi birigwa barya amahera ya mission ataco bagiye kuzana ataramatangazo gusa niwirambire se Barundi

  • niwirambire mutama wacu turekane nazamujeri twebwe twikorere ibikogwa vyiterambere gusa hamatwirambire komera mutama

  • URABANZA UYIREKE IGENDEMWO ABANDI NAKARE SIYO YAGUSHIKIJE AHURI UBU.

  • Mugabo uwavuze ko umukuru wigihugu mukuja hagati mugihugu yozaragendera mwiryandege jewe sintahuye icoyashatse kugerako! None yoba atabonye kwiryandege arinini ikeneye ikibuga kinini yaramako? Kuko ukondamwumva imvugoyiwe mengo yayigereranije natwakajugujugu kuko twotwo turashoboye kwarama aharihohose.

  • Igumire Kukivi Mutama Uganira Nabanyagihugu Bo Bagutoye Nayabipfuza ko uja Hanze Ngo Bagire Yama Coup D’etat Barye Ivyatsi !

  • Irambire Mutama Uwukwanka Akwandurko

  • Ahubwo Yarasaze Mumusengere

  • mbe umuntu arihidukiza mukirago ntiyavuzeko arico kiringo ciwe canyuma niwaramba uzobona arko ndibazako bamubeshera??.indege yo ahubwo tugure iza air burundi zitwinjiriza amahera yigihungu zikorekwisi hose.gukorera mugihungu nivyizi mutama komera.ariko nta demokarasi dufise muburundi nayademokarasi itubwira kubisikanya uwohejeje ikirigo ciwe arko ico tubona nugufiranabi abana bacu nuburundi

  • JEWE NDABIRAVYE ARATINYA KUKO AFISE ICOYIYAGIRIZA

  • ico nzi nuko ntakinanirana ngaha kw’ isi. Ukaba uri umuntu udashaka gukurikiza amategeko, amategeko yoyo azogukurikirana, hanyuma ugaca utera umuvumo uryango wawe wose n’ igihugu cawe. Mbega nikuki abakuru b’ ibihugu muri Afrika badashobora kwiga n’ amakosa y’ abandi bagiye bakora: sadam Hussein, Kadafi,..etc abo bose bari barigize inzu z’ amabuye amaherezo yabo ntanumwe atayazi.

  • @ Kamera Mutama,
    Koyagira ngobaremera atware bakaba batigeze nemera ngwatware kuva agishika kubutegetsi none ubona yogiragute?
    Ntiwibuka muribibiri nacumi ntiyatsinze amatora bakacabafata inzira bagatangura kumumarirako abatwara babatera amagrenade namasasu?
    Ntiwibuka ukobamuvurunze bashaka kumutera kudeta banamuturirirako abenegihugu bongerabaturira ivyabo?
    Ntiwibuka ukuntu bamuhinduje amatora gatatu,kabiri, nagatatu bagahereza mukumubwira ngondayotuzojamwo ngwahubwo tugomba tubwire abadukoresha aribobarutuku ngontibatange ubufasha baribemeye, barutuku bakabishiramungiro bakanka gufasha mumatora kubera bashaka gufuta demokrasi ariko uwo sebarundi agahaguruka afatanije nabenegihugu bakikora mumufuko bakemera imiryango yabo igasigara mubukene ntangere muntumbero yokugira habe amatora kugira demokrasi ntibace mumwanya wintoke?
    Amatora ntiyabaye ariko babahumu bakiruka kwabarutuku ngonimudufashishe zagerenade nabasasu navyarukete tuhonye abene Burundi nabajejwe intwaro nabajejwe umutekano ngomaze igihugu banyakwubahwa barutuku tukibashikirize barutuku nabobumvize kobarose abazobaha igihugu cu Burundi maze sugusukiramahera bayacisha murwanda bivaho maze ibitero biraba birica abanabuburundi bisubiriza akogahengwe bamwimye nikogatuma nawe anyuranya nivyobashaka, maze akazikorera ivyo abenegihugu bashaka kukobobo batumye habamatora maze akihoza ivyabadashaka amatora/ Democratie bashaka.

  • Nukuri I Bubanza Si Amahoro Kuko Kibesani Aragisibije.Ibaze Nawe Umaz 4ams Ufasha Kwishur Ntibanakwiyumvireko

  • Inyishu zose Nkurunziza petero yatanze ntizumvikana kwabaye kwikurayo, ntamu perezida wokwama yi nyegeje mukigunda. nayivyibiganiro ahakana kwatazigera avyemera, icobikoze azovyemera vyanka bikunda, icombona muburundi ntamahoro arikure nkukwezi, uburero harageze ahumuntu wese asazwe akunduburundi kwahaguruka akitanga mukwikurako uwo mwansi wabarundi. cakane abasazwe begereye amakungu nibagerageze uko bashoboye badufashe kugeza afatishijwe amaboko ico nico gisigaye.

  • Vyababigenze neza kand’agume yibuka ibarabara ryaruhororo musenyi tangara

  • Ahubwu Mwese Murarabako Mudakwije Ibisabwa Nakamuna!!

  • Umuvyeyi Wacu Pierre Nkurunziza Nyaguhora Kungo Ndagukengurukiye Ariko Mura Twibuka Kudukorera Ibarabara Rija Kuri Komine Yacu Ya Murwi Ese Ntimwo Duterera Natwe Tugasiga Ikaburimbo?? Ese Iyo Ndege Izogwa Muntara Yagitega Na Bujumbura Ho Nyene?? Tubasavye Dushimitse Nate Ko Mwotwubakira Iryobarara Kuko Kuva Imurwi Kugera Mukabere Harabaye Nabi Cane.Murakoze.

  • Umuvyeyi Wacu Pierre Nkurunziza Nyaguhora Kungo Ndagukengurukiye Ariko Mura Twibuka Kudukorera Ibarabara Rija Kuri Komine Yacu Ya Murwi Ese Ntimwo Duterera Natwe Tugasiga Ikaburimbo?? Ese Iyo Ndege Izogwa Muntara Yagitega Na Bujumbura Ho Nyene?? Tubasavye Dushimitse Nate Ko Mwotwubakira Iryobarara Kuko Kuva Imurwi Kugera Mukabere Harabaye Nabi Cane.Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.