Accueil > Amakuru > Mu makungu > Philippines : Igihuhusi Tempin cahitanye abantu 133
Philippines : Igihuhusi Tempin cahitanye abantu 133
samedi 23 décembre 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI,amenyesha ko ico gihuhusi catumye imyuzure n’ibihomoka vyonona imitumba.
Amazinga ya Philippines akunze gushikirwa n’impanuka z’ibihuhusi aho ata mwaka wijana ata gihuhusi kibaye,ariko igisagara ca Mindanao kirimwo abanyagihugu bagera ku miriyoni mirongo ibiri ntigikunze gushikirwa.
Ico gihuhusi Tempin citezwe kubandanya mwizinga rya Palawan ku muhingamo w’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2017.
Ico gihuhusi giteye mu gihe ata kiringo c’indwi cari giheze ikindi gihuhusi citwa Kai-Tak gihitanye abantu 54 na 24 babuze irengero ryabo.
BUKURU Pacifique