Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Philippines : Igitigiri c’abahitanywe n’igihuhuhusi Tembin congerekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Philippines : Igitigiri c’abahitanywe n’igihuhuhusi Tembin congerekanye

Philippines : Igitigiri c’abahitanywe n’igihuhuhusi Tembin congerekanye

mercredi 27 décembre 2017

Nk’uko bivugwa n’umuryango utabara imbabare Croix Rouge,abantu bashika kuri 500.000 nibo bakozweko n’ico gihuhusi Tembin.

Oscar Palabyab, umunyamabanga mukuru wa Croix Rouge muri Philippines, abicishije kuri RFI yavuze ati :« Mu misozi, umutumba wose warabomotse ivyondo biratwara ibintu n’abantu, nta kintu na kimwe cahasigaye, turacariko turarondera abantu barenga 300 twabuze irengero ryabo. »

Oscar Palabyab avuga ko imiryango ishika ku 115000 igeramiwe kandi ibitigiri biguma biduga,inyubakwa zirenga 1000 zarasambutse , kandi ko bizosaba igihe kitari gito kugira ibintu bisubire mu buryo.

Uwo munyamabanga mukuru wa Croix Rouge muri Philippines amenyesha ko, abanyagihugu bakenye cane, ko rero bagiye kwihutira gufasha ba ntahonikora na cane cane ababuze abahora basumira imiryango.

Gushika n’ubu haracigwa ukwo Philippines yofashwa kugira bave mu kangaratete.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.