Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Philippines nayo ishobora kwikura muri Sentare mpuzamakungu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Philippines nayo ishobora kwikura muri Sentare mpuzamakungu (...)

Philippines nayo ishobora kwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

vendredi 18 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Philipines, Rodrigo Duterte, yamenyesheje ko ashobora kwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye mu Buhorande.

Rodrigo Duterte yamenyesheje ko iyo Sentare ata kamaro na kamwe ifise. Mu gihe yari mu nama mpuzamakungu y’ibihugu bihuriye ku muhora wa Asia na Pacifique, uwo mukuru w’igihugu yavuze ko ashobora gufata inzira yafashwe n’Uburusiya, nawe agakura igihugu ciwe muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Rodrigo Duterte yashikirije ko mu gihe vyoshoboka ko ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa bishinga ishirahamwe bahurirako, n’igihugu ca Philippines coba ica mbere mu kwinjira muri iryo shirahamwe.

Ibihugu vy’Uburusiya na Philippines bifashe iyo ngingo inyuma y’iminsi mike iheze bimwe mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika bitangaje ko bivavanuye n’iyo Sentare. Kw’isonga ry’ibihugu vyatanguriye ibindi haza Uburundi, hagakurikira Afrika y’Epfo, mu nyuma Gambia, hamwe na Congo Brazzaville.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye mu Buhorande yashinzwe mu mwaka w’2002, mu ntumbero y’ugucira imanza abantu bakora ivyaha vyo mu ntambara, hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane.

Bimwe mu bihugu vyo muri Afrika bikavuga ko iyo Sentare ibangamira abakuru b’ibihugu bo ku mugabane wa Afrika gusa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.