Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primus Ligue : Messager Ngozi iracari mu kibanza ca mbere ku munsi wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Primus Ligue : Messager Ngozi iracari mu kibanza ca mbere ku munsi wa (...)

Primus Ligue : Messager Ngozi iracari mu kibanza ca mbere ku munsi wa 25

lundi 9 avril 2018

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2018, inkino zibiri nizo zabaye ku bibuga bitandukanye, aho Flambeau du Centre w’I Gitega watsinze Inter Star ibitsindo bibiri kuri kimwe, mu rundi rukino umurwi wa Vitalo watsinze Les jeunes Athletics ibitsindo bibiri ku busa.

Mu nkino zitandatu zo kur’uno w’Imana igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2018, imirwi yatsindanye uku gukurikira :

Flambeau de l’Est 0- Delta Star 0
Musongati FC 0-Messager Ngozi 1
LLBS4 A 1-Aigle Noir 1
Olympic Star 3- Athletico Olympic 0
Ngozi City 1-Messager Bujumbura 1
Les Lierres 0-Bujumbura City 1

Inyuma y’inkino z’umunsi wa 25 w’ihiganwa, umurwi Messager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza n’amanota 62, umurwi uza mu kibanza ca kabiri ni LLBS4 Afrika n’amanota 55, Aigle Noir uza mu kibanza ca gatatu n’amanota 49, umurwi wa kane ni Vitalo FC n’amanota 43.

Imirwi itatu ya nyuma ni Delta Star ufise amanota 8 mu kibanza ca 16, umurwi Les Jeunes Athletics uri mu kibanza ca 15 n’amanota 17, mu gihe umurwi Messager Bujumbura uza mu kibanza ca 14 n’amanota 22.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.