Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PrimusLigue Burundi: Umurwi Meesager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > Amahiganwa > PrimusLigue Burundi: Umurwi Meesager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere ku (...)

PrimusLigue Burundi: Umurwi Meesager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

Monday 22 January 2018

Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, umurwi wa Messager Bujumbura wanganije ubusa ku bundi n’umurwi wa Les Jeunes Atlétique, nayo Messager Ngozi, ku kibuga c’Urumuri mu Ruyigi, yanganije na Flambeau de l’Est ubusa ku bundi.

Ku kibuga c’I Gitega, umurwi Vital’o Fc utigenjeje neza mu gice ca mbere c’ihiganwa,yatsinze umurwi wa Messager du Centre igitsindo kimwe ku busa.

Mu zindi nkino, umurwi Les Lierres watsinze umurwi Musongati FC igitsindo kimwe ku busa, mu gihe umurwi Athelico Olympic watsinze Inter Star igitsindo kimwe ku busa nyene, umurwi Olympic star watsinze Ngozi City ibitsindo 3 kuri kimwe, mu gihe umurwi Aigle Noir watsinze Delta Star ibitsindo 2 k’ubusa.

Ku rutonde rw’ihiganwa nfatakibanza, umugwi Messager Ngozi uracari mu kibanza ca mbere n’amanota 40, ugakurikirwa na LLBS4A n’amanota 38, Aigle Noir ikaza mu kibanza ca gatatu n’amanota 37.

Imigwi iri mu bibanza vya nyuma, ni les jeunes Athlétiques n’amanota 14, mu kibanza ca nyuma hakaza Delta star n’amanota 5.


BUKURU Pacifique

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.