Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe RANAC ushigikiye ko ibwirizwa nshingiro ryohindurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe RANAC ushigikiye ko ibwirizwa nshingiro ryohindurwa

Umugambwe RANAC ushigikiye ko ibwirizwa nshingiro ryohindurwa

mercredi 9 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyashamakuru kuri uwu wa gatatu, umukuru w’umugambwe RANAC, Aloys BARICAKO yamenyesheje ko kugira haboneke amahoro arama hakwiye kuba ibiganiro bihuza bose ata n’umwe avuyemwo.

Aloys BARICAKO avuga ko mu mugambwe RANAC biteguriye kwitaba ibiganiro vyose bizotumwako n’umuhuza w’abarundi, kandi ko naho hotumirwa abashatse gutembagaza ubutegetsi bazokwitaba, kuko habwirizwa gutumirwa bose.

Aloys BARICAKO avuga ati : "Nta n’umwe yoshigwa inyuma ku vyerekeye ibiganiro, umurundi wese yegwa n’ico kibazo akwiye kubijamwo kandi ntituzoreka kwitaba ibiganiro ngo nuko hatumiwe abashatse gutembagaza ubutegetsi .”

JPEG - 847.4 ko
Aloys BARICAKO, umukuru w’umugambwe RANAC

Ku vyerekeye guhindura ibwirizwa shingiro, Aloys BARICAKO avuga ko muri RANAC bashigikiye ko ryohindurwa, kuko ryabonetse biciye mu biganiro, ariko muri uwo mugambwe bagasaba ko ryohindurwa abo vyega bose batumiwe kugira bavyigire hamwe atawusizwe inyuma.

Umugambwe RANAC wemewe n’amategeko kw’igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2017, ukaba ugizwe n’urunani rw’imigambwe yagiye hamwe. Iyo nayo ni : ANNADE na PASIDE, urunani IMBONEZA rwari rugizwe n’imigambwe ABASA, PACONA, PPDRR.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.