Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Abantu 11 harimwo umunyamerika banyurujwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abantu 11 harimwo umunyamerika banyurujwe

RDC: Abantu 11 harimwo umunyamerika banyurujwe

dimanche 16 Mukakaro 2017

Muri abo banyurujwe,harimwo umumenyeshamakuru ava mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,hamwe n’abandi 11 bacunga ishamba mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwsro rusangi ya Kongo.

Ayo makuru yemejwe kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2017,aho
Alfred Bongwalanga, arongoye akarere ka Mambasa, mu ntara ya Ituri yamenyesheje ko babakuye aho bakorera mw’ishamba ry’ibikoko riri ahitwa Okapi.

N’abategetsi m’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika baremeza ayo makuru,ariko ntaco bashimye kubivugako.

Amakuru ava mu burongozi bw’ikigo kijejwe gucungera ibidukikije muri Kongo avuga ko hari Abongereza babiri n’abandi batanu mur’abo bacungera iryo shamba bashoboye guhunga ico gitero.

Icegera ca Buramatari w’intara ya Ituri, pacifique Keta, avuga ko abasirikare hamwe n’abandi vyega babimenyeshejwe kandi batanguye ibikorwa vyo kubarondera.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.