Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abantu 250 baritavye Imana mu bwicanyi bufatiye ku moko
RDC: Abantu 250 baritavye Imana mu bwicanyi bufatiye ku moko
samedi 5 Myandagaro 2017
Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha ko icegeranyo casohowe na Zeid Raa’ad al-Hussein kimenyesha ko muri abo 250 bitavye Imana hagati y’ukwezi kwa gatatu n’ukwezi kwa gatandatu , harimwo abana 60.
Mu gihe bari mu matohoza,abanyagihugu babwiye abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ko abajejwe umutekano hamwe n’umugwi w’abagwanyi ushigikiwe na Reta (Bana Mura) aribo bakoze ubwo bwicanyi mu gihe bariko birukana imirwi irwanira mu karere ka Kasai.
Umugwi w’abarwanyi Kamuina Nsapu nawo nyene uragirizwa kuba warakoze ubwicanyi, kandi ko wakoresha abana mu ntambara.
MUGISHA Van Naris