Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Abantu batandatu bitavye Imana mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abantu batandatu bitavye Imana mu myiyerekano

RDC: Abantu batandatu bitavye Imana mu myiyerekano

Monday 22 January 2018

Nk’uko bimenyeshwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU,igiporisi cakoresheje ivyuka bikorora amosozi kugira gishwiragize abariko baragira imyiyerekano.

Muri iyo myiyerekano yabereye hirya no hino mu gihugu, abanyagihugu basaba ko umukuru w’igihugu yahejeje ikiringo mu mwaka wa 2016, arekura ubutegetsi.

Umuvugizi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu igisata gikorera muri Kongo MONUSCO, yamenyesheje ko abantu bashika 50aribo bakomeretse mu gihe abandi batari bake nabo bahagaritswe.

Iyo myiyerekano ije ikurikira iyabaye mu mpera z’umwaka uheze wa 2017 aho abantu bashika 5 bahasize ubuzima.

Bivugwako iyo myiyerekano yari ishigikiwe n’abayoboke b’idini rya Islam aho umukuru waryo Sheikh Ali Mwinyi M’Kuur yasavye ubutegetsi kutagirira nabi abari mu myiyerekano.

Umukuru w’igihugu Joseph Kabila yagiye ku butegetsi mu mwaka 2001,asubiriye se wiwe Laurent Desiré Kabila


BIKORIMANA Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.