Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abapatiri 10 bafatiwe mu myiyerekano
RDC: Abapatiri 10 bafatiwe mu myiyerekano
Monday 22 January 2018
Georges Kapiamba arongoye ishirahamwe riharanira ubutungane muri Kongo "Congolese Association for Justice" yavuze ko bamaze gutororokanya abapatiri cumi bafashwe, barimwo Patiri Dieudonne Mukinayi wo kuri paruwasi ya Binza Ozone, uwo nawe akaba apfungiwe mu nyubakwa y’umutegetsi ari muri Reta, hamwe n’abanyeshengero umunani.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ,uwo ari mw’ishirahamwe riharanira ubutungane yavuze kandi ko, ku makuru bafise abafashwe baguma bahohoterwa, kandi impuzu zabo zaratabuwe.
Umugwi "Lay Coordination Committee", ishami rya Ekleziya Katolika, niwo wasavye ko haba imyiyerekano mu gihugu cose, kugira bagondoze ubutegetsi bushire mu ngiro amasezerano yapfunditswe hagati ya Reta n’imigambwe bitavuga rumwe kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2016.
Abantu batandatu barishwe ku murwa mukuru Kinshasa, igihe igipolisi cakoresha umwuka ukoroza amosozi, hamwe n’amasasu y’ukuri gishwiragiza abari mu myiyerekano yakozwe no mu tundi duce tw’igihugu.
MUGISHA Van Naris
Forum posts
22 January 2018, 21:02, by Ndagijimana Jean
Emwe Bisigaye Bigoye Nabapadiri Basigaye Bisuka Muvyaporitike !!!
23 January 2018, 11:37, by Francois
Abo Basaserdoti Bareke Politike Bakomeze Kwigisha Inkurunziza Yakristu Gusa Nkuko Babirahiriye