Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abarwanyi 200 ba M23 binjiye mu gihugu bavuye mu Buganda
RDC: Abarwanyi 200 ba M23 binjiye mu gihugu bavuye mu Buganda
lundi 16 Nzero 2017
Abategetsi b’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bamenyesheje kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Nzero 2017,ko hari abarwanyi bashika 200 b’umuhari M23 binjiye ku butaka bwa Kongo bavuye mu gihugu c’Ubuganda.
Lambert Mende, umuvugizi wa Reta ya Kongo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, ko abo barwanyi binjiriye mu gace ka Ishasha, ku birometero 155 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Goma, umurwa mukuru wa kivu y’Uburaruko.
Lambert Mende avuga ko ababazwa n’ukubona igihugu kibanyi c’Ubuganda cararetse abantu bari mu makambi y’impunzi bakinjira k’ubutaka bwa Kongo bitwaje ibirwanisho.
Yongeyeko kandi ko abasirikare ba b’igihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo batanguye gutana mu mitwe nabo, kuko Reta yiwe itazokwihanganira abitwaje ibirwanisho binjira k’ubutaka bwa Kongo batabifitiye uburenganzira.
IGIHE
Messages
16 Nzero 2017, 18:23, par .
Erega utwonudukoresho twababazungu bigize abategeka Isi, none wonyemezagute ko abantu batsinzwe kurugamba barikwemererwa kucabaguma mubihugu vyaribisanzwe arinavyo vyobafasha muntambara !?
Ariko nibarindire akataretse kabagasema.
18 Nzero 2017, 18:13, par jean claude
congo harageze aho yikura akagaye
19 Nzero 2017, 02:59, par monsieur Muduri
haaaaaaaa emwe Aka karere kacu simbona ko kazigera gatungana..aho bagiye gufaya kunzahabu imidi yaribaye mwinshi.
14 Myandagaro 2017, 21:45