Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Amakungu asaba ko ibiganiro bisubira gutangura
RDC: Amakungu asaba ko ibiganiro bisubira gutangura
vendredi 17 Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ,hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rihuza ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa amanyesha ko atewe impungenge no kuba ibiganiro vyarahagaze mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Kuri un wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017, ayo mashirahamwe yasavye Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo n’imigambwe itavuga rumwe gusubira kubandanya ibiganiro bigenewe gushiraho Reta mfatakibanza.
Amasezerano yateweko igikumu hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo, ategekanya ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila aguma ku butegetsi gushika mu mpera z’umwaka wa 2017.
Ikiringo ca kabiri ari naco ca nyuma c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila, caheze mu kwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka wa 2016,ariko amatora y’umukuru w’igihugu ntiyabaye kuko bagumye bayigiza inyuma.
IGIHE