Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Ishengero katorika ryatangaje iyindi myiyerekano yo gusaba ko umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Ishengero katorika ryatangaje iyindi myiyerekano yo gusaba ko umukuru (...)

RDC : Ishengero katorika ryatangaje iyindi myiyerekano yo gusaba ko umukuru w’igihugu kuva ku butegetsi

lundi 12 février 2018

Imyiyerekano iherutse kuba yabaye mu kwezi kwa Kigarama 2017 iyindi iba mu kwezi kwa Nzero 2018, yari yabujijwe ndetse n’inzego z’umutekano zirayirwanya.

Mw’ itangazo ryashizwe ahabona na Komite nshingwabikorwa y’abakirisu muri Congo (CLC), bamenyesha ko kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018, baba bari mu gihugu canke bari hanze y’igihugu, bataravye idini canke poritike, bategerezwa guhaguruka bakarwanya agahotoro.

Amakuru y’ikinyamakuru Jeune Afrique avuga ko iryo tangazo rya CLC ryasohotse mu masaha ane inyuma y’imisa yabereye i Kinshasa hibukwa abapfiriye mu myiyerekano yo kw’igenekerezo rya 21 Nzero.

Muri rusangi abantu 15 nibo biciwe mu myiyerekano yabaye kw’igenekerezo rya 31 Kigarama no kuwa 21 Nzero, nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.

Umurwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo werekanye ko hapfuye abantu indwi kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, mu gihe kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2018 hapfuye bane.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2018, mu gihe umukuru w’igihugu Joseph Kabila yahejeje ibiringo bibiri kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2016.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.