Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC:Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise impungenge ku mabi akorerwa (...)
RDC:Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise impungenge ku mabi akorerwa abanyagihugu
Tuesday 20 February 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko bamwe mu bantu bo mu ntara ya Tanganyika bavuga ko ingorane bahura nazo mu bwicanyi bubera aho basanzwe baba bibangamiye ubuzima bwabo.
Abo banyagihugu bo mu ntara ya Tanganyika bavuga ko zimwe mu ngorane bahura ari izijanye no kwicwa,kunyuruzwa hamwe no gufatwa ku nguvu.
Mu mezi ane aheze bivugwako abanyagihugu bashika 630 aribo bateshejwe izabo, ku banyagihugu imiriyoni 3.
Intambara z’urutavanako zarabaye muri ico gice c’igihugu ca Reta iharanaira intwaro rusangi ya Kongo, kuva mu ntango z’uyu mwaka wa 2018 hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho hamwe n’abasirikare b’ico gihugu.
BIKORIMANA Vianney