IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Jean Pierre BEMBA yashize ahabona igenekerezo azoshikira mu gihugu (...)

RDC: Jean Pierre BEMBA yashize ahabona igenekerezo azoshikira mu gihugu ciwe

Wednesday 25 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha RFI amenyeshako mu kiganiro Jean Pierre BEMBA yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kabiri yavuze ko azoja mu bazohiganirwa ikibanza mu matora y’umukuru w’igihugu kandi vyari mu nteguro yiwe kuva agifungiwe i LaHaye.

Jean Pierre Bemba yavuze ko azokora ibishoboka kugira habe ubumwe mu batavugarumwe na Reta kuko ariyo nzira yohindura ibintu mu bihugu.

Jean Pierre BEMBA yavuze ati :«Dushaka ibihinduka mu gihugu dutegerezwa guca mu bumwe,abatavugarumwe na reta tugaserukirwa n’umuntu umwe mu matora.»

Uyo munyeporitike yavuze kwazoshigikira umuntu wese azoba yatowe ngo aserukira abatavigarumwe na reta mu matora naho atoba ariwe.

Murico kiganiro yatanze Jean Pierre BEMBA yabeshuje amakuru avuga ko ashaka gufata inzira y’intambara.

Jean Pierre BEMBA yavuze ati :« Umugambwe wanje MLC n’umugambwe ukora ivyaporitike ntabwo ari umuhari w’abagwanyi »

Jean Pierre BEMBA afise imyaka 55 ni we yashinze umuhari MLC (Mouvement de Libération du Congo) mu nyuma uza guhinduka umugambwe wa poritike ari nawo azoserukira mu matora yimirije mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.


IGIHE

Forum posts

  • None ni mukihe gihugu umuntu yova gupfungirwa irahe yaragiriwe n’ivyaha ntivyo Bemba yagiriwe, arasububira ariho akiva muri prison ngo aje kwiyamamaza kuba président w’igihugu? Oh!!! Congo urababaje. Aho aje gukorera abo bari bamupfunze et non aux Congolais.None Congo ntibavuaga ko ifise abanyagihugu ibihumbi 65? None abantu bangana uko babuze uwundi yobatwara? Ewe Congo waragowe!!!

  • Aho nihenze nagomba kuvuga ko Congo ifise abanyagihugu imiliyoni 65, et non ibihumbi 65. Murakoze kuntahura.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.