Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : ONU yatoye ibinogo vyahambwemwo abantu ikivunga
RDC : ONU yatoye ibinogo vyahambwemwo abantu ikivunga
vendredi 27 avril 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu bivuga ko abantu barenga amajana abiri na mirongo itandatu bagandaguwe kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2017, 91 muribo bakaba bari abagore.
Ayo makuru ya BBC, avuga kandi ko, ONU ivuga ko ibigwati ijana na mirongo ibiri vyasahuwe biranasamburwa, mu ndwano hagati y’amako y’aba Hema n’aba Lendu, kandi benshi mu bishwe n’abo mu bwoko bw’abahema.
Ku ruhande rwa Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, bemeza ko ata kinogo na kimwe bazi catawemwo abantu ikivunga muri ako karere.
Amoko y’aborozi b’aba Hema hamwe n’abarimyi b’aba Lendu yama mu ndyane gushika naho habamwo ubwicanyi, bivuye ku matati y’amatongo.
MUGISHA Van Naris
Messages
28 avril 2018, 22:43, par Musavyiwimana Merchisedek
None Jewe Nfinse Ikibazo Ry,ugukingira Agateka Kazina Muntu