Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Patiri Etienne NSENGIYUMVA yishwe arashwe
RDC : Patiri Etienne NSENGIYUMVA yishwe arashwe
lundi 9 Ndamukiza 2018, par
Patiri Etienne NSENGIYUMVA yarashwe n’umuntu yinjiye mw’ishengero mu gihe yariko asangiza abakirisu bashasha bagitangura kwakira iryo sakaramentu, mu misa yari itegekanijwemwo kubatiza abakirisu bashasha hamwe no kuraganisha abubaka rukirisu.
Ayo makuru dufise avuga ko uwarashe Patiri Etienne NSENGIYUMVA ari umugwanyi w’umugwi wa Mai Mai Nyatura usanzwe ukora ibitero hamwe no gusahura abanyagihugu baba muri ako gace ko mu ntara ya Kivu ya ruguru.
Vianney BIKORIMANA
Messages
10 Ndamukiza 2018, 01:38, par Kimazi J.Paul
Imana imwakire yari mugikorwa cayo.
10 Ndamukiza 2018, 09:21, par Aristide Noris
ivyo bintu biriko bifata intumbero yindi aho usanga abantu bashaka kwica abariko barakira Yezu Kristu mw’isakaramentu ry’Ukaristiya canke mu gihe ca consecration. Ababigira barafise ico biyumvira canke baba bashaka kugirira Ekleziya katorika mugabo barihenda. Imana iri kumwe natwe muri vyose na hose. Ekleziya yubakiye ku rutare benshi bama bagerageza kubomora bikabananira kuko urwo rutare ari Jambo Rizima. N’ibindi bizoza bakristu ntiducike intege
10 Ndamukiza 2018, 16:47, par Silas
KOKO,BIRABABAJE,UMUNTU,AFUYE, MUGABO EKLEZIYA, YAKONGO,IKUBITE AGASHI, POLITIKE SIGWANYU,MUJEJWE,KUVUGIRA, IMANA,NTABWO,ARI,UMUNTU
11 Ndamukiza 2018, 00:14, par Deo
Abo Babisha Ntaco Bazoshikako Dufise Imana Idukunda Cane Bakinda Bagaramy Bicara Ntibazotumara Ba kristu Tumusabire Imana Imwakire Mubwamibwayo Twihangan Kuko Tubuze Twese jewe Nihangane Nawewe Wihangane.
11 Ndamukiza 2018, 07:21, par Munezero Don miracle
Uyomukozi W’Imana azobahumira mpaka batangare!!