Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Reta yanse kwitaba inama y’i Geneve ijanye no kwegeranya imfashanyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Reta yanse kwitaba inama y’i Geneve ijanye no kwegeranya imfashanyo (...)

RDC : Reta yanse kwitaba inama y’i Geneve ijanye no kwegeranya imfashanyo igenewe ico gihugu

vendredi 13 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyesha ko abantu bangana imiriyoni 5 bo muri Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo bataye ingo zabo bitumwe n’intambara zama zibera mu bice bitandukanye vy’ico gihugu hamwe n’inzara bituma bamwe muribo babura isaganirizo abandi nabo bahungira mu burengero bw’igihugu kibanyi ca Uganda.

Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo imenyesha ko yanse kwitaba iyo nama ijanye n’imfashanyo yotangwa kuko inkuru zerekeye ico gihugu zitangwa ukutariko ndetse hakajamwo n’indenzarugero mu kuvuga uko ibintu bitari hagati mu gihugu.

Amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aho muri Kongo amenyesha ko iyo myifato ya Reta ya Kongo yo kwanka kwitaba uwo mubonano bizotuma abanyagihugu babandannya kumererwa nabi.

Abantu imiryino 13 nibo bavugwa ko bakeneye imfashanyo muri ico gihugu, muribo imiriyoni 2 akaba ari abana basinzikajwe no gufungura nabi hamwe n’abantu imiriyoni 4,5 bataye izabo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamenyesheje ko ryizeye ko Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo ihobora kuva ku ngingo bafashe bakitaba iyo nama.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.