Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : UNICEF iragabisha ko abana 400000 babangamiwe n’inzara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : UNICEF iragabisha ko abana 400000 babangamiwe n’inzara

RDC : UNICEF iragabisha ko abana 400000 babangamiwe n’inzara

mercredi 13 décembre 2017

Nkuko bivugwa na UNICEF, Kasaï idafashijwe mu maguru masha, abana bazopfa ku bwinshi bahitanywe n’inzara hamwe n’ingwara ziturutse kw’isuku rike gusumba ukwo vyari bimeze mu mwaka wa 2016.

Igisata ca UNICEF gikorera mu ntara ya Kasaï kimenyesha ko caronkejwe ibice 15% vy’uburyo gikeneye gukoresha muri 2017.

Yvès Willemot ajejwe kumenyesha amakuru muri UNICEF mu gihugu ca Congo amenyesha ko abahunze ingwano ari benshi cane bakaba babayeho mu buzima bugoye cane, aho bitaborohera kurima mu matongo yabo.

Amenyesha kandi ko ikibazo c’abatashe mu mihana yabo batagira aho bivuriza gikomeye cane aho amavuriro ashika 220 yasahuwe ayandi agasamburwa,bikazohava bitera ingwara zandukira nk’agasama n’izindi.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.