Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Umuhari M23 wemeye kuva i Goma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > RDC : Umuhari M23 wemeye kuva i Goma

RDC : Umuhari M23 wemeye kuva i Goma

mardi 27 Munyonyo 2012

Inyuma y’ibiganiro vya gisirikare hamwe n’abakuru b’ibiro vya gisirikare mu karere, ku musi wa mbere igenekerezo rya 26 Munyonyo i Kampala, Sultani Makenga umukuru w’ingabo muri M23, yaremeye gukura ingabo ziwe mu gisagara ca Goma na Sake, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare mu Buganda

Umukuru wa M23 n’uwurongoye ibiro vya politike vy’uwo muhari, Jean-Marie Runiga, hari vyinshi basaba imbere yo kurekura ivyo bisagara.
Kubwa Aronda Nyakayirima, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare mu Buganda, nk’uko abishikiriza mw’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, abagwanyi b’umuhari M23 bemeye kuwa mbere, igenekerezo rya 27 Munyonyo kuva mu bisagara vya Goma na Sake hamwe no guhagarika ingwano.

Kuwa mbere, umukuru w’ingabo za M23 Sultani Makenga yari i Kampala kuvugana n’abakuru b’ibiro bikuru vya gisirikare bo mu bihugu vyo mu karere

’’Twarabonanye ejo turavugana ku ngingo zafashwe n’abakuru b’ibihugu bigize akarere ku musi wa gatandatu. Makenga yaremeye gukura ingabo ziwe i Goma na Sake no guhagarika ingwano’’. Vyashikirijwe na Aronda Nyakayirima. «Ntaco yarinze gusaba kuko arazi ko ivyo M23 isaba bizigirwa mu rwego CIRGL nk’uko vyapfunditswe mu nama y‘i Kampala », nk’uko yabandanije abishikiriza.

Amakuru yemezwa na colonel Antoine Manzi wo muri M23, aho yabazwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP kuvyashitweko i Kampala vyo gukura ingabo i Goma. Yiyishuye ati “Ni vyo” mugabo ntiyashikirije italiki. Mukiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru wa M23 n’uwurongoye ibiro vya politike vy’uwo muhari Jean Marie Runiga, bavuze ko hari ibitegerezwa kubanza gukorwa imbere y’uko bava i Goma.

« Imbere yo kuva i Goma M23 isaba reta ya Congo kugira amatohoza ku bagerageje umuganga muri Kivu y’ubumanuko, guha umwidegemvyo umugambwe w’uwutavuga rumwe n’ubutegetsi Étienne Tshisekedi, gufuta umugwi utegura amatora muri Congo. Ivyo bikozwe, M23 izoca ikura akarenge i Goma». Niko yabishikirije
"Kuva i Goma si ikibazo"

Aho bahurira i Kampala mu mpera z’indwi irangiye, abakuru b’ibihugu bigize akarere k’ ibiyaga binini bategetse umuhari M23 kuva i Goma imbere yo ku wa kabiri igenekerezo rya 27 Munyonyo bakigira kure ku bilometero 20 vy‘igisagara
Sultani Makenga yaremeye ko bishoboka aho yavugana n’ikinyamakurua Jeune Afrique imbere y‘uko agenda i Kampala. « Kuva i Goma si ingorane. Mu ntango mbere ntitwipfuza no gufata igisagara. Turi hano kubera reta yadusomborokeje. Nimba ari vyo bishobora kuzana amahoro muri Congo, M23 yova i Goma ».

Mu kiganiro co kuwa mbere n’ikinyamakuru c’abafaransa Le Figaro, uwurongoye ibiro vya politike muri M23, Jean-Marie Runiga, yari yabeshuje inkuru zose zo kuva i Goma imbere y’ibiganiro. “Ntituzova i Goma. Ahubwo tugiye kugarukana umutekano no gushiraho inzego zirongora igisagara n’intara yose. Ntituzohesha na gato, turindiriye kubona ko Joseph Kabila yumva ivyo dusaba”

M23 yafashe umurwa mukuru w’intara ya Kivu ya ruguru ku wa kabiri, igenekerezo rya 20 Munyonyo. Inyuma y’amasaha makeyi, abagwanyi bari basugereje igisagara bari bamaze kwirukana ingabo za reta ya Congo.


Ndayikengurutse Jean Michel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.