Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Umukuru w’umurwi w’aba Mai-Mai Sheka yishikanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Umukuru w’umurwi w’aba Mai-Mai Sheka yishikanye

RDC: Umukuru w’umurwi w’aba Mai-Mai Sheka yishikanye

jeudi 27 Mukakaro 2017

Igisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, camenyesheje ko, Ntabo Ntaberi Sheka, yishikanye hafi y’ibirindiro vyiwe biri mu Buseruko bw’igihugu.

Mu gihe hari haheze imyaka itandatu hasohotse umutahe mpuzamakungu wo kumuhagarika wasohowe na Reta ya Kongo,bitegekanijwe ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rica rimushikiriza ubutegetsi bwa Kongo.

Amakuru dukesha Iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko,Reta ya Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo yagiriza Ntabo Ntaberi Sheka ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu yagirije umurwi Mai-Mai Sheka gufata ku nguvu abakenyezi hamwe no gutema abanyagihugu gushika bitavye Imana.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.