Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Umwumvikano wa Noweri ntaco washitseko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Umwumvikano wa Noweri ntaco washitseko

RDC : Umwumvikano wa Noweri ntaco washitseko

samedi 24 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abayobozi ba Ekleziya Katolika bari bahagarikiye ibiganiro hagati y’abanyeporitike muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bamenyesheje ko ata mwumvikano ushobora gushigwako igikumu imbere y’indwi iza. Aho ni gihe abo bahagarariye ibiganiro bari basavye ko umunsi mukuru wa Noweri uzohimbazwa kuri uwu w’Imana wogera impande zishamiranye zamaze kwumvikana ku kibazo ca poritike kiri muri ico gihugu. Ivyo bibaye mu gihe hari ivyizigiro ko ibiganiro vyari bimaze iminsi bishobora gushika ku ngingo imbere y’umunsi mukuru wa Noweri.

BBC ivuga ko muvyo abanyeporitike bari mu biganiro bari bamaze kumvikana, harimwo ugushiraho umushikiranganji wa mbere mushasha azotorwa mu batavuga rumwe na Reta, nayo umukuru w’igihugu Joseph Kabila akabandanya gutwara ico gihugu gushika mu mpera z’umwaka w’2017.

Impande zompi ntizirumvikana mu bijanye n’ugusabikanya ubutegetsi muri Reta mfatakibanza izoshirwaho muri uwo mwumvikano.

Imishamirano hagati y’abari mu myiyerekano n’abajejwe umutekano yabaye ikiringo ca kabiri c’uburongozi bwa Kabila kikirangira kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, yahitanye abantu barenga 30.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.