Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Unicef ivuga ko abana ibihumbi 46 bahunze igihugu
RDC : Unicef ivuga ko abana ibihumbi 46 bahunze igihugu
samedi 17 février 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umumenyeshamakuru wayo yabonye ibigwati vyaturiwe, bitakirangwamwo umuntu mu ntara ya Ituri, aho abanyagihugu bo mu moko y’aba Hema n’aba Lendu bamaze iminsi batana mu mitwe kubera ibibazo vy’amatongo.
Ayo makuru ya BBC, amenyesha kandi ko amakungu atewe amakenga n’ukuntu umutekano uguma uhungabana mu buseruko bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
Abakurikiranira hafi ibiberayo, bavuga ko ubwicanyi buba muri kino gihe bushingiye ku kwunguruza itariki y’amatora, n’uko umukuru w’igihugu Joseph Kabila yanse kuva ku butegetsi, ikiringo ciwe kikaba kimaze umwaka kirangiriye.
MUGISHA Van Naris