Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rachdar Abubakar GIRANEZA aba muri Australiya ni nde ? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rachdar Abubakar GIRANEZA aba muri Australiya ni nde ?

Rachdar Abubakar GIRANEZA aba muri Australiya ni nde ?

vendredi 26 janvier 2018

Jamal GIRANEZA yatanguye gukunda cane ibijanye no kuvuza umuziki "D.J", gutamba (dancing), no gukunda indirimbo ziri mu mudiho wa Rap,eka n’ibicapo bimwe bita "graffiti",agifise imyaka 13 y’amavuka.

Hejuru y’ivyo vyose, yarumva muri we impano yo gukina urukino rw’umupira w’amaguru kandi yari umukinyi mwiza cane.

Umunsi umwe, ariko arakina umupira w’amaguru, umukinyi wo mu murwi bariko bahangana yahushije umupira aca amukupita ku gatsintsiri aca avunika ukuguru kw’iburyo. Aho yaciye amara amezi abiri ari kwa muganga. Imbere yo gusohoka ibitaro, umuganga yaciye amubwira ati :" Kuva ubu ntuzosubire gukina umupira w’amaguru". Iryo jambo yaryakiriye nabi ariko ntiyacitse intege yaciye aja mu yindi myuga.

Kubera yari asanzwe akunda utugenegene, yaciye atangura gukora amasanamu. Ivyo yabikora nk’umumenyeshamakuru kuri iryo shuri yigako. Ico gihe, yaciye atorwa n’uruganda "Real Connections" kugira yandike yongere akine ireresi ngufi "Court Métrage"hamwe n’abandi bana bangana. Kugira atorwe, Giraneza yakunda kunegura ibintu bica ku nsamirizi agaca avyandika, ivyo vyerekana ko aciye ubwenge.

Mu mwaka w’2008, niho yahura n’uwuvuza umuziki karuhariwe "Disk jockey (D J)" yitwa Astro Black ava mu gisagara ca Los Angeles, uwo yamufashije yaciye amara imyaka 2 amwigisha uwo mwuga. Inyuma yaho, yari bitumwako cane cane mu manza z’ubugeni zakorwa n’abantu bo muri Afrika y’Ubuseruko baba muri Australiya.

Muri uwo mwaka nyene wa 2008, niho Jamal GIRANEZA yahuye n’uwundi murundi azwi kwizina rya John K-ay (Bahuriye Kwishure bigako) ,baciye bashinga umurwi witwa " TAO Boiz". TAO bisigura (Together As One).

Ico gihe, Jamal GIRANEZA yaciye aronswa akazina k’ubuhizi ka G- Marl Jamal, aca aba nawe arongoye umurwi wa TAO Boiz gushika mu mwaka w’2009, imbere y’uko hinjiramwo abandi.

Hamaze kujamwo abitwa ba A.T.M Jeff, Malikizoh,John K-ay,Edgie Fresh na King Jay, uwo murwi ntiwaramvye bivanye n’imvo zitandukanye.

Jamal GIRANEZA yahavuye asohora indirimbo yiwe ya mbere yise " Go Tell’em " , urwo narwo rukaba rwakozwe n’umuhinyanyuzi Andrew Wright mu nzu yo guhinyanyura umuziki yitwa Gold Dust Construction.

Iyo ndirimbo ya mbere ya Jamal GIRANEZA ntiyaronse amahirwe yo kuja ahabona cane, ariko mu nyuma yahavuye asohora kuri Itunes bayikoranye n’umuzungu aririmba mu mudiho wa Rap yitwa Christian James aba mu gisagara citwa Gold Coast muri Australiya

Muri uwo mwaka nyene,Jamal GIRANEZA yaciye aguma asohora indirimbo, muri izo,hari izo yaririmbanye n’umunya Australiya kavukire Daniel Ray na Atm Jeff umuririmvyi w’umurundi, baririmbanye indirimbo yitwa "Hardlife

Inyuma yo gusohora indirimbo, Jamal GIRANEZA yabandinije gukora imizi no gusangira ubumenyi bwiwe n’abandi bana bo murunganwe rwiwe, kuko mu mwaka wa 2011, yahavuye atanguza ishirahamwe ry’urwaruka FNTS MOVEMENT INC.

Muri iryo shirahamwe, Jamal GIRANEZA yakoze ibikorwa vyo gufasha urwaruka akoresheje imyuga yiwe, yafashije abana bo mw’ibarabara, yaratunganije amahiganwa mu rukino rw’umupira w’amaguru, afashijwe n’ayandi mashirahamwe.

Ntiyagarukirije aho gusa, kuko yakoze kandi ibikorwa vyo gufasha urundi rwaruka mu bijanye n’imiziki, akaba ari naho yahuriye n’uwundi muririmvyi w’umurundi azwi kw’izina rya King Hubert, akaba ari nawe bagikorana mu murwi ’’Kings Nation’’.

Umviriza indirimbo ’’Go Tell’Em’’ ikaba ari nayo ya mbere yakoze :

Umviriza indirimbo ’’ Hardlife’’ aha munsi :


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.