Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Raphael Nyandwi avuga ko umuziki ndundi wasigaye inyuma igihe Uburundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Raphael Nyandwi avuga ko umuziki ndundi wasigaye inyuma igihe Uburundi (...)

Raphael Nyandwi avuga ko umuziki ndundi wasigaye inyuma igihe Uburundi bwinjira muri EAC

mardi 24 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Raphael Nyandwi, yururutse indege imukuye mu gihugu c’Ubuganda, yaganiriye n’abamenyeshamakuru. Muri ico kiganiro, Raphael Nyandwi yavuze ko yabonye ubudasa bunini hagati y’abaririmvyi b’Abarundi n’abo mu karere ka Africa y’Ubuseruko ku bijanye no kudandaza indirimbo zabo.

Yagize ati : "Aho mu gihugu c’Ubuganda hari ikiganiro citwa East African Music" kivugirwamwo ibijanye n’indirimbo n’abaririmvyi bo mu karere ka Africa y’Ubuseruko, ariko naratangaye numvise ko ata ndirimbo canke abaririmvyi b’Abarundi bakivugwamwo".

JPEG - 65.8 ko
Raphael Nyandwi, umuvugizi w’umuririmvyi Natacha Ngendabanka

Raphael avuga ko ivyo bitumwa n’uko abaririmvyi b’Abarundi bakora indirimbo zikaguma aha mu gihugu kandi bigasa n’aho abo baririmvyi nyene bavyishimira.

Muri ico kiganiro nyene, yavuze ko Abaririmvyi bakwiye kumenya ko igihambaye atari gukora ururirimbo ahubwo ari kurudandaza. Arongera akavuga ko naho bisaba uburyo, umuririmvyi yomenya ko ururirimbo rusohotse bitaba biheze, ninaho umuririmvyi yoheza agatungwa n’ukuririmba.

Raphael yatangajwe n’uko abaririmvyi bo mu karere bafise ababafasha kumenyekanisha indirimbo zabo aha mu Burundi, maze izo ndirimbo zigasumvya iz’Abarundi gukundwa.

Ivyo abivuga mu gihe Natacha asanzwe avugira aherutse gukorana ururirimbo bise "Wangu" na Sheebah Kalungi. Rapha akaba yiteze ko urwo ruririmbo ruzoshikana kure Natacha na rirya yarukoranye n’igihangange. Si ivyo gusa, ururirimbo "Wangu" rwaciye rushirwa muri Album ya Sheebah Kalungi kugira rugumane akamoto kiwe gutyo Natacha nawe aronke ikibanza mu muziki mpuzamakungu.

Ururirimbo "Wangu" rwa Natacha na Sheebah wo mu gihugu ca Uganda


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.