Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Real Madrid yaronse amahirwe y’ugukina igice ca kabiri gishira ica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid yaronse amahirwe y’ugukina igice ca kabiri gishira ica (...)

Real Madrid yaronse amahirwe y’ugukina igice ca kabiri gishira ica nyuma

mercredi 19 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Real Madrid yageze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma ca Champions League ku ntsinzi uwo murwi wahawe na Cristiano Ronaldo, ku bitsindo bitatu yinjije wenyene mu rukino rwahuze uwo murwi hamwe na Bayern Munich yari yasanze Real Madrid ku kibuga cayo (Santiago Bernabeu).

Mu rukino rwa mbere rwabaye kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2017 mu Budagi ku kibuga ca Allianz Arena, naho nyene Cristiano Ronaldo yari yafashije Real Madrid gutsinda ku bitsindo bibiri kuri kimwe ca Bayern Munich cinjijwe na Arturo Vidal.

Mu rukino rwo kuri uwu wa kabiri, Bayern Munich niyo yatanguye kwinjiza ku gitsindo ca Robert Lewandowski kuri Penariti, ariko Cristiano Ronaldo wa Real Madrid arakigombora ku mupira yahawe na Daniel Carvajal ku munota wa 76.

Inyuma y’umunota umwe gusa, Sergio Ramos yinjije igitsindo ca kabiri, biba bibaye bibiri kuri kimwe. Umusifuzi yategerezwa kwongera iminota kugira hagire umurwi umwe urusha uwundi.

Ku munota wa 105, Cristiano Ronaldo yinjije igitsindo co kunganya, benshi bakavuga ariko ko yari yaraririye, naho umusifuzi atavyemeje.

Ku munota wa 110, Cristiano Ronaldo yinjije igitsindo ca gatatu, Marco Asensio yongeramwo ica kane, umurwi wa Real Madrid uba uraronse amahirwe y’ukuzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma, kuko muri izo nkino zibiri, ibitsindo vyaciye biba 6 vya Real Madrid kuri 3 vya Bayern Munich


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.