Accueil > Amakuru > Mu makungu > Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuye mu masezerano ya Irani
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuye mu masezerano ya Irani
mercredi 9 mai 2018
Igenekerezo rya 8 Rusama 2018, ryari ririndiriwe n’amakungu hamwe n’ibihugu bitari bike kw’isi, kugira bimenye ico umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika akora ku masezerano yo mu gisagara ca Vienne agenga nikereyere y’igihugu ca Irani.
Donald Trump yavuze kandi ko ica isubizaho ibihano kuri Irani, ivyo navyo bikaba bishingiye ku rudandazwa rw’igitoro, uguhanahana amadorare y’abanyamerika hagati ya Amerika na Irani,guhanahana ibidandazwa biciye mu ndege, hamwe n’urudandazwa rw’ivyuma.
Igihugu ca Isirayeri hamwe n’igihugu ca Arabiya Sawudite bavuze ko bashimishwa n’ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nayo Donald Trump akaba yahaye ibindi bihugu hagati y’iminsi 90 n’180 kugira bibe vyavuye muri ayo masezerano.
Barack Obama yari arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika igihe ayo masezerano yashirwako igikumu mu mwaka wa 2015, yavuze ko ivyakozwe na Donald Trump ari ikosa rikomeye.
Mu gihugu ca Irani, ntibatevye kwerekana umubabaro ku ngingo ya Donald Trump, kuko bamwe mu bashingamateka aho bari aho bagirira ianam, bahavuye bafata ingingo yo guturira ibendera ry’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ku rundi ruhande, urubuga rw’iradiyo BBC rumenyesha ko,abanyeporitike bo hirya no hino kw’isi biyemeje guhangana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kugumizako amasezerano na Irani ku mugambi wayo w’inguvu za nucleaire.
Mu rwandiko ibihugu vyose bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya vyashize ahabona, vyavuze ko bitazosubira gufatira ibihano igihugu ca Irani nk’uko Amerika yavyipfuje.
Ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa vyovyo bivuga ko bishaka ko ayo masezerano agumaho.
MUGISHA Van Naris
Messages
10 mai 2018, 07:13, par Pasco
We Kuki ?Aviriyemwiki ?Uburundi Bwivanye Muri CPI Induru Yararengeje.Naboneko Uburenganzira Bungana Kubihugu,nokubantu.