Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC:Reta yatangaje ibinogo rusangi 10 bihambwemwo abantu
RDC:Reta yatangaje ibinogo rusangi 10 bihambwemwo abantu
mercredi 28 Ruheshi 2017
Umushikirizamanza w’igisirikare Gen Joseph Ponde yavuze ko afise amakuru y’imvaho ko abahambwe muri ivyo binogo bishwe n’abarwanyi b’umurwi Kamuina Nsapu urwanira mu ntara ya Kasai.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riramaze kwerekana amakenga rifise ku bwicanyi bubandanya gukorwa mu ntara ya Kasai,abantu bashika ibihumbi bibiri bamaze kwicwa mu kiringo c’amezi atatu.
Naho muri Reta ya Republika iharanira intwaro Rusangi bemeza ko ubwicanyi bukorwa n’umurwi Kamuina Nsapu,ONU iragiriza igisirikare ca Kongo ko ari co gikora ivyo vyaha vyo mu ntambara.
Umurwi udasanzwe wagize amatohoza uvuga ko ata vyaha vyo mu ntambara vyakozwe, kandi ko ata ntambara izwi iriko irabera mu ntara ya Kasai.
MUGISHA Van Naris