Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Ronka udushimwe mukoresheje umuhora wanyu wa Econet Leo
Ronka udushimwe mukoresheje umuhora wanyu wa Econet Leo
vendredi 12 Rusama 2017, par
Umwanya wose umunywanyi akoresheje ikarata simu yiwe mu guhamagara, aronka inota rimwe ku misogonda 30 amaze ariko arahamagara. Uko umunywanyi akoresha kenshi nomero yiwe, niko arwiza amanota, n’amahirwe akaba menshi y’uko atorwa mw’ijonjora ry’uguhitamwo uwatsinze ritunganwa ku munsi ku munsi, ku ndwi ku ndwi, no ku kwezi ku kwezi.
Umunywanyi ashaka kwugurura HAMAGARA UTSINDE, biroroshe, ahamagara n’imiburiburi amasegonda 30, bikamufasha gutsingira inota rya mbere. Kugira umunywanyi amenye amanota amaze kuronka, yandika *131# canke *101#, aho aca amenya amanota yose amaze kuronka mu guhamagara.

Banywanyi ba Econet leo, kugira murwize amahirwe y’ugutsinda muri Tombola « HAMAGARA UTSINDE », nimuhamagare kenshi kandi umwanya munini, kuko hari udushimwe two ku munsi, ku ndwi, hamwe no ku kwezi.
Utwo dushimwe tugizwe na :
Ama inite
Terefone ngendanwa
Terefone ngendanwa zigezweho (Smartphone)
Ibitenge
Amatara akoresha imishwarara y’izuba
Amaradiyo
Imboneshakure zigezweho (des téléviseurs à écran plat)
Amasakoshi
Amakinga
Hamwe n’umuriyoni w’amafaranga w’amarundi atangwa ku ndwi.
Ntimutangwe kwironkera utuganuke dutandukanye, hamwe n’ukwibera umu « millionnaire.»