Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rose Muhando yatawe muri yompi yagirizwa amafaranga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Rose Muhando yatawe muri yompi yagirizwa amafaranga

Rose Muhando yatawe muri yompi yagirizwa amafaranga

mercredi 7 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Rose Muhando azwi cane mu ndirimbo "Nibebe" yasohotse kuri album yise "Jipange Sawa Sawa" ni umwe mu bakomeye mu ndirimbo zo guhimbaza Imana muri Tanzaniya.

Uwo muririmvyi yaheruka kuvugwa cane mu bitangazamakuru ko asigaye afata n’ibiyovyabwenge ariko we akamirira kure ivyo yagirizwa, akavuga ko bishikirizwa n’abashaka gucapfuza izina ryiwe. Mu mpera z’indwi twaraye dusozereye, yagirijwe ubunyonyezi bw’amafaranga, ahava mbere atabwa muri yombi. Igiporisi camwagirije amafaranga yahawe n’urusengero rwo muri Tanzaniya kugira azoririmbe, ariko akagirizwa ko atubahirije ayo masezerano.

Umuyobozi w’igiporisi mu gace ka Singida muri Tanzaniya, Deborah Mligimba, yemeje ipfungwa rya Rose Muhando, avuga ko yarezwe n’urusengero rwitwa AICT Singida rumwagiriza kutubahiriza amasezerano yari yahawe y’ukuremesha igiteram muri urwo rusengero, muri birori vy’ugushira ahabona "Album" nshasha ya Korare yo kuri urwo rusengero rwa AICT Singida. Ayo mafaranga yahawe akaba agera ku mashilingi 800,000 ya Tanzaniya.

JPEG - 48.8 ko
Rose Muhando w’imyaka 41

Rose Muhando aremera ko yafashwe n’igiporisi, akorwak amatohoza kuri ivyo yagirizwa, yari avyamirira kure. Rose Muhando amenyesha ariko ko atariwe abaprisi bashaka gufata, kuko bariko barondera uwundi mugore yamwiyitiriye, yakira ayo mafaranga.

Rose Muhando w’imyaka 41 y’amavuko yari amaze iminsi mu bindi bibazo bijanye n’ivyo yagirizwa k anywa ibiyovyabwenge, ariko akavuga ko ari umugambi w’ugucapfuza izina ryiwe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.