Accueil > Amakuru > Mu makungu > Roumania: Abanyagihugu bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta
Roumania: Abanyagihugu bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta
jeudi 2 Ruhuhuma 2017
Abanyagihugu bo mu gihugu ca Rmania bazindukiye mu myiyerekan yo kwiyamiriza Reta,inyuma yaho ishiriyeho itegeko ryo kudahanaq abarya ibiturire.
Iyo myiyerekano yabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Roumania,mu gisagara ca Bucharest,bivugwa ko yari ikomeye kandi itari bwigere iboneka kuva mu mwaka w’1989.
Igipolisi c’igihugu ca Roumania nticorohereje abari mu myiyerekano kuko cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza abari mu myiyerekano biyamiriza Reta.
Amakuru ava aho mu gihugu ca Roumania amenyesha ko iyo myiyerekano yitabwe n’abantu bashika ibihumbi amajana abiri biyamiriza itegeko ry’ikibiriraho ryashizweho na Reta ryo kudahana amwe mu makosa yo kurya igiturire.
Ibihugu bitandatu harimwo Ubudagi, Ubufaransa na Amerika bandikiye ubutumwa hamwe bwo kugabisha ico gihugu ca Roumania kuri iyo ngingo ko ishobora gutanga ishusho mbi mu makungu hamwe n’imigenderanire bafitaniye n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya na OTAN.
IGIHE