Accueil > Amakuru > umutekano > Rukoko: Felix NDAYISENGA yatowe ari muzima inyuma y’iminsi 10 (...)
Rukoko: Felix NDAYISENGA yatowe ari muzima inyuma y’iminsi 10 anyurujwe
mardi 21 Ntwarante 2017
Felix NDAYISENGA yatowe hafi y’ishamba cimeza rya Rukoko, riri muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza inyuma y’iminsi itandatu anyurujwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho.
Amakuru ava mu muryango wa Felix NDAYISENGA amenyeshako uwabo yabonetse mu bucagucagu bwo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Ntwarante,umwaka wa 2017 nk’igihe c’isaha icumi z’agatondo afise igikomere ku kuguru.
Felix NDAYISENGA yari yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho haraheze iminsi 10 hagti y’ibarabara rya 10 nirya 11 muri zone Buringa ya komine Gihanga, intara ya Bubanza.
Amakuru ava mu muryango wa Felix NDAYISENGA amenyesha ko ishirahamwe ryitaho imbabare Croix Rouge ariryo ririko riramuvura.
IGIHE
Messages
24 Ntwarante 2017, 21:17, par Nzabanka Felix
Pore Wangu
24 Ntwarante 2017, 21:18, par Nzabanka Felix
Pore Wangu