Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Abantu batatu bishwe mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
Rumonge : Abantu batatu bishwe mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
mardi 11 Gitugutu 2016, par
Abantu batatu bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, muri zone Ruteme, komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge. Abo bantu bagandaguwe n’abitwaje ibirwanisho batamenyekanye, babarashe mu gihe bari mu bunywero buri aho muri komine ya Bugarama.
Abishe abo bantu babanje gutera gerenade, baca barasa amasasu menshi cane berekeza ku bantu bariko bihereza ibinyobwa muri ubwo bunywero bwatewe.
Abantu batatu nibo bitavye Imana, abandi babiri barakomereka cane, nk’uko vyemezwa n’igiporisi mu Rumonge.
Abo bishwe ni Romuald Bigirimana, umuyobozi w’ishure shingiro rya zone Ruteme, akaba no mu nama mpanuzwajambo y’iyo komine ya Bugarama, kw’izina ry’umugambwe CNDD FDD yatowemwo.
Abandi bishwe ni Grégoire Havyarimana hamwe na Edouard Sindatunga, bompi bigisha kw’ishure shingiro rya Saga.
Abajejwe intwaro n’umutekano muri iyo komine bamenyesha ko abakoze ico gitero bataramenyekana.
IGIHE
Messages
11 Gitugutu 2016, 14:33, par NININAHAZWE PACIFIQUE
Nibafate izo mujeri bazice amabya nicyo kizikwiriye zo nase wazo kagame
11 Gitugutu 2016, 14:55, par .
Nibabebihenda bakamenyekana maze bakibonerako.
12 Gitugutu 2016, 07:59, par Fnl
Ibi vyose biri ku gatwe ka Leta y’u Burundi
12 Gitugutu 2016, 10:06, par Mob
Nininahazwe pacifique,uramabyi gusa,mbe kagame asigaye ari president wu Burundi!!!republika ya rwndarundi
12 Gitugutu 2016, 22:58, par nduwayo
none uburundi ntamaho buzopfa burose imisiyose hama amatangazo yokwica bibukekoatawiremye twesetwaremwe nimana nibahebebisoner.
16 Gitugutu 2016, 17:12, par mbazumtima clovis
ambobicanye nikubavira hasi