Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Abanyororo 328 bararekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu
Rumonge : Abanyororo 328 bararekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu
vendredi 9 mars 2018
Abo banyororo barekuwe bagizwe n’abagore n’abagabo barekuwe inyuma y’ikigongwe catangajwe n’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2018, mw’ijambo yashikirije abarundi abipfuriza umwaka mushasha wa 2018.
Abanyororo barenga 2000 nibo vyitezwe ko bazorekurwa mu kigongwe c’umukuru w’igihugu, mu mabohero atandukanye ari mu gihugu.
Mu gihe ibohero rikuru rya Rumonge ryari ryateguriwe kwakira abanyororo 800, inyuma y’irekurwa ry’abarenga 300, ryaciye risigaramwo abanyororo 1022.
MUGISHA Van Naris